David Cameron agiye kwongereza abapolisi

Bwana David Cameron avugana n'abamenyeshamakuru Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Bwana David Cameron avugana n'abamenyeshamakuru

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, David Cameron, avuga ko agiye gukora ibishoboka vyose agarukane umutekano mu bice bihungabanye i Londres.

Bwana Cameron ivyo abivuze nyuma y'iminsi itatu hari uruhagarara mu bice bimwe vya Londres, aho haturiwe amazu n'imiduga hamwe n'ubusahuzi, vyandurutse ku musore yarashwe n'abapolisi ku wa kane w'indwi iheze.

Yavuze ko ivyabaye ari ubugizi bwa nabi buteye isoni butegerezwa kurwanywa bukaneshwa, kandi yemera ko ibihumbi vy'abapolisi bazokwongerezwa mu mabarabara y'i Londre, bakaze gukora, banafate abantu benshi.

Yavuze ko inama nshingamateka izohamagazwa ku wa kane kugira iganire kuri ico kibazo.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko bwana Cameron ashaka kwerekana ko ariko arasubiza ibintu mu buryo, ariko akavuga ko hakiri abamuhamagarira gufata ingingo zikomeye kurusha.

Izo zirimwo guhamagaza igisirikare canke gukoresha ibikoho birasa amazi.