Mu Rwanda abasangwabutaka ntibizihije umunsi wabo

Abasangwabutaka canke Abatwa bo muri Kongo Uwufise ububasha kw’isanamu Corbis Sygma
Image caption Abasangwabutaka canke Abatwa bo muri Kongo

Kuri uno munsi mpuzamakungu wahariwe abasangwabutaka, abo mu Rwanda ntibizihije uwo munsi kuko batinya ingaruka vyogira.

Uwuserukiye abatwa canke abasangwabutaka mu Rwanda, Zephilin Kalimba, yabariye BBC ko umwuka uri mu Rwanda udatuma bashobora kwizihiza uwo munsi.

Ngo naho ata tegeko ribabuza guhimbaza uwo munsi, ngo mu gihe amoko yakuweko mu Rwanda, bawuhimbaje bashobora kwagirizwa amacakubiri.

Bwana Kalimba yavuze ko mu Rwanda abasangwabutaka baheruka kwizihiza umunsi wabo mu 1993, ariko nyuma ya jenoside yo mu 1994, ntawo barahimbaza kubera politike y'igihugu yahindutse.

"Ubusangwabutaka ntibubaho"

Leta y'u Rwanda kuri ico kibazo, ivuga ko udashobora guhimbaza umunsi w'abantu batabaho.

Umushikiranganji ajejwe umuco mu Rwanda, Protais Mitari, yavuze ko "ubusangwabutaka" butabaho muri ico gihugu, kiretse abavyiyitirira.

Bwana Mitari yavuze ko ubusangwabuka co kimwe n'amako y'abahutu, abatwa n'abatutsi ngo ari ibintu vyazanywe n'abakoroni kugira baryanishe Abanyarwanda.

Ngo nk'uko amoko ubu asigaye ari amateka mu Rwanda, ngo n'ubusangwabutaka ni uko nyene, kuko ubu hasigaye hari Abanyarwanda gusa.

Ariko abasanwgabutaka bo mu Rwanda bavuga ko mu mwaka uza bazohimbaza uwo munsi, babanje kuvyandikira leta.