Ubwongereza: imvururu ngo ntizatewe n'ubukene

David Cameron imbere y'abadepite Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption David Cameron imbere y'abadepite

Ministri w'intebe w'Ubwongereza, David Cameron, yabwiye abadepite ko imvururu zimaze iminsi zivuga muri icyo gihugu zitatewe n'ubukene ko ahubwo zatewe n'umuco utigisha abana ikibi n'ikiza.

David Cameron, yabwiye inama nshingamategeko ko imvururu no gusahura nkuko byabonetse mu Bwongereza muri kino cyumweru bitazihanganirwa.

Yavuze ko atari ubukene bwabiteye ko ahubwo ibi ari ibikorwa by'abajura bahora bategereje imbarutso yatuma batangira ibikorwa byabo.

Bwana Cameron yasezeranije ko abapolisi bazahabwa ububasha bwo kubuza abantu kwitwikira mu maso mu duce bakeka ko dushobora kwibasirwa n'imvururu.

Yavuze kandi ko leta irimo kureba ukuntu babuza abantu gukoresha imbuga za rusange zo gutumanaho kuri internet kugirango bategure imvururu.

Inama nshinga mategeko irimo kwiga kuri ikibazo yatumijwe igitaraganya.