Ibisasu vyinshi vyaturitse muri Irake

Ibitero vy'ibisasu vyatikije inganda muri Irake Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ibitero vy'ibisasu vyatikije inganda muri Irake

Urukurikirane rw'ibitero vy'ibisasu vyagizwe mu miji myinshi yo muri Irake bihitana abantu barenga mirongo itandatu.

Aho ibintu vyunyutse gusumvya ni mu muji wa Kut, aho ibisasu bibiri vyaturitse bikurikirana mu minota mikeyi, vyahitanye abashika ku 37.

Ahandi naho, umwiyahuzi yari yateze igisasu mu muduga mu muji wa Khan Bani Saad, yahitanye abantu bashika cumi.

Bikavugwa ko abiyahuzi babiri bagavye igitero ku kigo kirwanya ibikorwa vy'iterabwoba i Tikrit, bica abapolisi babiri.

Ni vyo bitero bihambaye cane bimaze kuba kuva aho abanye politike muri Irake bamenyeshereje ko bazoganira ku kibazo c'uko hosigara abasirikare bake ba Amerika muri Irake, itariki y'uko bagenda niyashika mu mpera z'uno mwaka.