Israel yemeye guhagarika intambara na Hamas

President Shimon Peres u bumanuko bwa Israel Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption President Shimon Perez yagendeye amaduka ya Ashdod , mu ntumbero yo kweifatanya n'abanyagihugu baho baburiye mu bitero vya bus biheruka

Hamas, ubu iramutswa akarere ka Gaza, yavuze ko izotangura gushira mu ngiro amasezerano yo guhagarika intambara na Israel, mu kugondoza imihari mito mito y'abanyapalestina kuyubahiriza.

Iyo mihari niyo ivurwa ko yaagvye ibitero vy'ibisasu muri Israel mu minsi iheze.

ivyo bisasu vyatewe inyuma y'aho Israel igabiye ibitero vyo mu kirere kuri Gaza ku munsi wa Kane.

Israel yariko yishura ku bitero vyagabwe mu bumanuko bihitana baantu umunani.

Israel yegetse ivyo bitero ku muhari urwanira muri Gaza.