President Obama ahamagarira Assad gutanga imihoho

President Bashar al-Assad Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption President Bashar al_Assad arasabwa na Amerika gutang'imihoho

Bubaye ubwa mbere Leta zunz'ubumwe za Amerika na ba somambike bayo bavuga icese ko president Bashar al-Assad yotang'imihoho, n'ubwo leta ya Washington yari imaze kuvuga ko Syria yogira agahengwe atahari.

Amerika yategetse kandi ko amatungo ya leta ya Syria yose ari muri ico gihugu afatirwa , kandi igitoro ca Syria nticongere kwinjizwa muri US.

Ubwongeerza, ubufransa n' Ubudagi navyo vyavuze ko president Assad yova ku butegetsi vyofasha ubumwe hagati y'abanaygihugu ba Syria.