Ingaboza Syria zarashe ku bari mu myiyerekano

Abari mu myiyerekano mu muji wa Hama Uwufise ububasha kw’isanamu reuters
Image caption Abari mu myiyerekano mu muji wa Hama

Imyiyerekano yo kwiyamiriza leta yakozwe hirya no hino mu gihugu, aho abaharurwa mu bihumbi basohotse imisigiti mu masengesho yo kurangiza ukwezi kw'amapfungo kwa ramazani, bihereza amabarabara.

Abantu indwi nibo bivurw ako bahitanywe n'ingabo za leta.

Umurwi uharanira agteka ka zina muntu uvuga ko batatu baguye Al-Harra, abandi benshi bagakomereka igihe igipolisi cabamijagiramwo amasasu.

Abaharanira uburenganzira bwabo bavuga kw'abandi batatu barashwe mu ntara ya Daraa, uwundi akarwa Homs.

Abandi benshi bari mur' iyomyiyerekano biravurw ako bakomerekeye mu micungararo ya Dams kuber'amasasu.