Recep Erdogan yagiye i Mogadishu

Recep Erdogan muri Somalia
Image caption Umushikiranganji wa mbere wa Turukiya i Mogadishu

Umushikiranganji wa mbere wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan, yasuye umurwa mukuru wa Somalia, Mogadishu.

Yemereye abategetsi ba Somalia, gufungura ibiro bihagarariye Turukiya i Mogadishu kugirango bibafashe mu gutanga imfashanyo y'ibiribwa igenewe abasinzikajwe n'inzara.

Umushikiranganji wa mbere wa Turukiya Erdogan kandi yatangaje ko igihugu cye kigiye gusana umuhanda ugeraa ku kibuga cy'indege, gusana ibitaro, amashuri n'amasoko y'amazi.

Abaye umutegetsi wa mbere utari uwo muri Afrika usuye Somalia muri iyi myaka 20 ishize.