ICC irabandanya gukurikirana abategetsi ba Kenya

Kenya ICC
Image caption Kenya ICC

Abanyakenya batandatu bari mu butegetsi nibo bakurikiranwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha ICC, ku ruhara boba baragize mu bwicanyi bwakurikiye amatora yo mu 2007, bwahitanye abarenga 1000.

Abacamanza bavuga ko batanyuzwe no kumva ko igihugu ca Kenya kiriko kirabakorako itohoza, ari narwo rwari urwitwazo ko ikirego kiri muri ICC cari guca cimwa agaciro.

Batatu mu barerwa bazorenguka ejo imbere y'intahe.

Ubwo bwicanyi bwadutse igihe abashigikiye president Mwai Kibaki bagirijwe ko bariko bagerageza kwiba amajwi yavuye mu matora y'umwaka 2007.