Ingabo za Gaddafi zahawe iminsi ine ngo zishire hasi ibirwanisho

Ingabo za Libya Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption ingabo za Libya

Abarwanyi bagabisha ingabo za colonel Gaddafi ziramutse zikomeje kwidadira, bazozigabako igitero simusiga mu karere k'amavuko yiwe iSirte no mu yindi miji ibiri.

Umukuru w'inama nkuru y'igihugu nfatakibanza Mustafa Abdel Jalil, avuga kw'ibiganiro kumwe n'abajejwe ibutegetsi bwo hasi bikomeza ku buryo izo ngabo zoshira hasi ibirwanisho.

Hagat'aho ishirahamwe rijejwe gutang'infungurwa PAM rimenyesha ko ryarungitse iTripoli tonnes ibihumbi 500 z'amazi, tonnes 600 z'ibifungurwa bigizwe n'ifu, amakaroni n'amavuta , bigenewe abatay'izabo muri Tripoli no mu micungararo.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko habonetse imirongo minini ku miryango y'ama banki aho muri Tripoli, mu gihe abantu bari bamaze iminsi badashobora gukura amafranga ku ma konte yabo.