Nigeria:polise yafashe aba boko haram babiri

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty

Abategetsi ba Nigeria bamenyesha ko bafashe abantu babiri bafitanye isano n' igisasu c' umwihevyi cahitanye abantu barenga 20 ku nyubakwa ya ONU.

Boko Harm yaremeje ko ariyo yagavye ico gitero.

Abajejwe umutekano bavuga kw' ico gitero categuwe n'umuntu azwi cane muri Boko Haram, yaheruka kuva muri Somalia, akaba afitaney ubucuti na Al qaeda.

Nigeria yasavye umurwi wa FBI wa US kuyifasha mw'itohoza.