Ubufransa bwarungikiye Ububiriigi Fabien Neretse

Fabien Neretse
Image caption Fabien Neretse

Leta y'Ubufaransa, yaraye irungikiye Ububiligi umunyarwanda Fabien Neretse akurikiranwa ku vyaha vya jenoside,

Fabiyani Neretse yakoze imirimo inyuranye mu Rwanda, akaba yajanywe mu Bubiligi kuhaburanira kuko mu bo yagirizwa kugira uruhare mu iyicwa ryabo harimwo umubiligikazi Clair Beckers.

Umuryango wa Clair Beckers uri mu Bubiligi ukaba warasavye ko yohazanwa akaburanira imbere y'umuryango yagirizwa ko yahekuye.

Fabien Neretse yafashwe n'ubufaransa mu mpere z'ukwezi kwa gatandatu, hashingiwe ku nyandiko imukurikirana yakozwe mu rwego rwo gukorana mu butungane hagati y'ibihugu vya BUlaya.