Ibikorwa vy'urubozo muri Afghanistan

                        Torture Uwufise ububasha kw’isanamu a
Image caption Ibikorwa vy'iyicarubozo biravurwa na OTAN mu mabohero ya Afghanistan

Isahami ry'urwego rwa OTAN riri mu butumwa muri Afghanistan ryahagaritse kurungika abanyororo mu mabohero amw'amwe y'ico gihugu kubera ibikorwa vy'iyicarubozo bihavurwa.

Iryo hagarikwa riraba intara umunani hamwe n'igisata c'igihugu kijejwe kurwanya iterabwoba.

Icegeranyo c'ishirahamwe mpuzamakungu kitaraja ahabona cerekana ko kw'abanyororo bacurwa bufuni na buhoro, abagakubitwa bagaterwa ubwoba mu kubakangisha gufatwa ku nguvu, mbere hamwe hamwe bakabacishamwo umuyagankuba.

Har'umusore mur' abo yakubiswe iminsi 19 kugeza aho apfa.