Abantu 2 barashwe n'igipolisi mu Kinindo

                                   Ikarata y'Uburundi
Image caption Uburundi

Igipolisi cemeza ko cahawe amakuru ku bwihisho bw'abantu bitwaje ibirwanisho muri commune Kinindo, aho cagiye gitanga itegeko ko abariyo bose basohoka.

Umuvugizi w'igipolisi Pierre Channel Ntarabaganyi yabwiye BBC ko bene kwicwa bihaye kurwana n'igipolisi.

Mur'abo babiri abpfuye harimwo uwahora arinda ubuzima bwa Agathon Rwasa.

Igipolisi cemeza kandi ko gifise abantu batatu bafahswe bariko barabazwa.

Igipolisi gihakana kandi ko iaftwa ry'abo bantu ritari mu murongo w'isekeza rivurwa ryo guhiga aba FNL, bita "Safisha".

Umuvugizi w' igipolisi arahakana kw'iryo sekeza ataryo azi ko ribaho.

Ariko umunyamakuru wa BBc aravuga ko ubwicanyi budasiba kwiha inkumbi buhitana cane cane abantu bo mu migambwe ibiri gusa, FNL canke CNDD FDD.

Ibi ngo bikagaragaza ko bisa nko kwihorahorana.

Iyichwa ry'aba bagabo babiri ribaye mu gihe hari aba FNL batanu bo muri Bujumbura Rural bamaze iminsi itanu mu biro y'akanama k'igihugu kajejwe kubahiriza agateka ka zina muntu, batinya kwichwa.