Libya:umushinge w'inzira ya demokarasi

Guma Al-Gamaty
Image caption Guma Al-Gamaty

Uhagarariye inama nkuru y'igihugu nfatakibanza mu Bwongereza yabwiye BBC ko urwo rwego rumaze gushiraho umushinge w'inzira ya demokarasi kandi ko batazokwemera ko Gaddafi awuber'intambamyi.

Urwo rwego rusobanura ko gufata Gaddafi ar'ikibazo c'umwanya muto cane.

Ariko umunyamakuru wa BBC ari Benghazi avuga ko har'ukudahuza ku buryo leta nshasha ya Libya yoshingwa, aho bamwe bifuza ko abashigikiye Gaddafi boyigiramwo uruhara.

Abandi babona ko vyiza ar'ugutangura ibintu gushasha.

Mu nama yaraye ibireye iParis mu bu Fransa, abaserukira amakungu bemeranije vyinshi bofasha mu gusanura Libya.

Ku ruhande rw'ababahagariye inama nkuru y'igihugu nfatakibanza, bemeye kwihata gushika ku bwiyunge no gutsimbataza umutekano.