Imodokari 50 za Libya zerekeje Niger

Libya_niger Uwufise ububasha kw’isanamu nocredit
Image caption Libya

Imodokari zikoreye ibirwanisho bikomakomeye zaturutse muri Libya zashoreranye zijabuka muri Niger.

Uwo murongo w'imodoakri wabonetse mu muji wa Agadez hagati mu gihugu muri Niger.

Ntibizwi neza niba colonel Gaddafi yoba ri mur'izo modokari, canke abo mu muryango wiwe.

Umunyamakuru wa BBC ari Niamey avuga ko ziriko zerekeza aho ku murwa mukuru, ziherekejwe n'igisikare caho.

Abategetsi bo muri leta bakoranye kugirango bige kur'ico kibazo.

Uwukuriye urwego rujejwe umutekano hagati mu gihugu rwa Colonel Gaddafi, bwana Mansour Daw, yaheruka kujabuka muri Niger ku munsi w'Imana.

Mw'ijoro ry'umunsi wa mbere umuvugizi wa colonel Gaddafi Moussa Ibrahim yaremeje ashimitse ko Muammar Gaddafi akiri mu gihugu.