Urubanza rwa Victoire Ingabire rurakomeje

Victoire Ingabire mu rubanza Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Victoire Ingabire mu rubanza

Urubanza rwakomereje kuri uyu wa kane aho rwahagarikiye ejo rwumva ibirego ubushinjacyaha burega Lt Col Ndituyende Tharcisse, Lt Col Habiyaremye Noel, Captaine Karuta Jean Marie Vianney na Major Uwumuremyi Vital baregwa hamwe na Victoire Ingabire.

Abo bagabo bararegwa kuba mu mutwe w'iterabwoba, gushinga umutwe w'ingabo ugamije kurema igitero cy'intambara no kugirira nabi ubutegetsi buriho n'ingingo z'imena z'itegeko nshinga hakoreshejwe iterabwoba n'intambara.

Ejo ubushinjacyaha bwagiye bwibutsa aho abo bagabo bagiranye amanama na Victoire Ingabire, nk'i Kinshasa n'i Brazaville, bunagaragaza ibyo Victoire Ingabire yabasabye.

Kugeza ubu abaregwa n'ababunganira ntibari bahabwa umwanya wo kwisobanura kubyo baregwa.