Abashigikiye Khadafi babandanije kurwana

Abarwanya leta ya Libya hafi y'i Walid Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abarwanya leta ya Libya hafi y'i Walid

Abasirikare ba Khadafi babandanije guhangana n'abarwanyi bugarije umuji wa Bani Walid, uri muri ine igifiswe n'abashigikiye Khadafi.

Umurwi mfatakibanza urongoye Libya uvuga ko ibisasu vya rocket vyabandanije kuraswa biva muri uwo muji mu gihe ikiringo cari catanzwe co kuwa gatandatu ngo bashire ibirwanishi hasi cariko kirengana.

Umurwi mfatakibanza uvuga ko ico kiringo kitazokwongerezwa, abarwanyi bakavuga ko bazozunguruka uwo muji.

Hari amakuru avuga ko umuhungu wa Khadafi akunda cane, Saif al-Islam, yabonetse mu minsi iheze ari i Bani Walid.