Interpol isaba amakungu gufata Khadafi

Isanamu iri ku bwiriza rya Interpol ryo gufata Khadafi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Isanamu iri ku bwiriza rya Interpol ryo gufata Khadafi

Igipolisi mpuzamakungu Interpol catanze ibwiriza, red notice, gihamagarira amakungu gufata Colonel Khadafi n'umuhungu wiwe Saif al-Islam.

Interpol kandi yasavye ko hafatwa uwari ajejwe gukusanya amakuru, Abdullah al-Senussi.

Iryo bwiriza ryatanzwe bisabwe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ICC, ikaba imaze no gusohora imitahe yo gufata abo bagabo batatu ibagiriza ivyaha vyo guhohotera ikiremwa muntu.

Iryo bwiriza ryitwa red notice mu congereza, rikoreshwa na Interpol mu gufasha ICC kugabisha ibihugu bikorana nayo ko hari abaronderwa, rikaba n'akoryo ko kubafata mu gihe baciye ku mbibe z'ivyo bihugu.