Polisi muri Uganda yasubiye kubuza imyiyerekano

Biyerekana nitabashaka Prezida Museveni
Image caption Biyerekana nitabashaka Prezida Museveni

Ku ndwi igira kabiri yikurikiranya, igipolisi ca Uganda casubiye kwanka ko haba imyiyerekano ku murwa mukuru Kampala yo kwizihiza ikurwa ku butegetsi ry'abakuru b'ibihugu vy'Abarabu.

Ivyo bihugu ni Tunisia, Libya na Misiri, umwe mu bateguye iyo myiyerekano akaba yagirije umukuru w'igihugu, Yoweri Museveni, kuba ataho ataniye n'abakuru babogojwe muri ivyo bihugu.

Umuvugizi w'igipolisi yavuze ko iyo myiyerekano yari kubera kw'ibarabara rikuru, ngo yabujijwe kuko abayiteguye batari gushobora kuyihagarikira.