Umuriro muri Kenya wahitanye benshi

Umuriro i Nairobi muri Kenya Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Umuriro i Nairobi muri Kenya

Muri Kenya abantu barenga 100 bahitanywe n'umuriro waturitse mu gace kari mu murwa mukuru wa Nairobi.

Amakuru aturukayo avuga ko ibirimi by'imiriro byarashe ku mazu ari muri ako gace, bitwika abari barimo.

Ababibonye bavuga ko ari ibitoro byavuye mu mpombo iri hafi yaho hantu, maze abahatuye batangira kujya kuyivoma maze iraturika.

Television ya Kenya yerekanye abarokotse bari kurwana n'umuriro wari wafashe imibiri yabo, abandi bari gushakisha ababo.