Impunzi za Congo ziri mu Rwanda ntizishobora gutahukanwa ubu

Impunzi z'abanyecongo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umukozi wa Red Cross ateruye umwana w' impunzi

Impunzi z'abanye Congo ziri mw'ikambi ya Gihembe zemeza ko zabariwe na HCR ko zitazosubira guhabwa ibifungurwa ku rugero vyahorako, ahubwo bigiye kugabanywamwo kubiri.

Izo mpunzi kandi ngo zitangazwa no kubona HCR izimenyesha ko idashobora gukomeza kuzigaburira, bitayeko igahakana kuzitahana.

Uhagarariye HCR iKigali Anouk Bronee, aremeza koko ko ibifungurwa izo mpunzi zahora zihabwa vyagabanutse kuva mu kwezi kw'icenda, ariko ngw'igikorwa co kubatahukana kuri HCR ntikiragera kubera umutekano muke urangwa mu buseruko bwa Congo ari nayo benshi baturuka.

HCR ivuga ko iriko irakora ibishoboka ifatanije na leta y'Urwanda na PAM kugira ibifungurwa vy'izo mpunzi biboneke nk'uko vyahora.

Ku bijanye no gutahuka, ngo ntwa we bankira gutaha ku bushake ariko kandi HCR ntiyifuza kubigiramwo uruhara kuko umutekano udakwiye muri Congo.