Burundi:Leonce Ngendakumana yongeye gusambishwa

Ibindera y'uburundi
Image caption Ibendera y'Uburundi

Leonce Ngendakumana yasohotse ibiro vy'umushikirizamanza wo mu gisagara ca Bujumbura inyuma y'umutaga, aho yoriwe arabazwa inyuma yo kuzanwa n'abajejwe umutekano bamukuye muhira mu bucagucagu.

Abari baje kuraba uko ibintu bigenda mu gihe bensh bakeka ko ashobora gutabw amuri yompi, bamuhaye impundu babonye asohoka, ariko ababwira ko bitarangiye.

Uwuburanira Leonce Ngendakumana, maitre Fabien Segatwa yabwiye abanyamakuru ko ataco ashobora kubatangariza, ariko yemeza ko imbere yo kumuzana babanje gusaka imuhira iwe, ariko ataco batoye.

Leonce Ngendakumana yabariwe ko asubira muhira agategereza ko bongera kumutumako igihe babonye bikenewe, kandi bari bakeneye kongera kumusaka.