Abahoze batwara u Burundi basaba leta kwemera ko hari ikibazo

Uwahohotewe n'igitero co mu Gatumba Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Uwahohotewe n'igitero co mu Gatumba

Abahoze barongoye u Burundi Sylvestre Ntibantunganya, Pierre Buyoya na Domitien Ndayizeye bahanura leta ko yokwemera ko hari ikibazo c'umutekano hanyuma irondere inzira yo kugitorera inyishu.

Aho bafatira ku bwicanyi buherutse kuba mu Gatumba ku birometero 15 uva mu gisagara ca Bujumbura uja ku rubibe u Burundi buhana na Congo.

Abanyagihugu barenga 30 barahagandaguriwe ku wa mungu uheze, abantu bitwaje ibigwanisho babasanze mu bunywero.

Pierre Buyoya

Pierre Buyoya asaba leta ko yova mu mpari zo kumenya ko amahoro ahari canke ko atayahari kandi abantu birigwa barapfa.

Ku bwiwe ikibazo c'umutekano mu Burundi muri iki gihe akibona mu nzira zibiri.

Ku ruhande rumwe hari abibaza ko bashobora guca mu ndwano no mu bwicanyi kugira bashike ku nyungu za politike nk'uko vyabaye muri kahise.

Buyoya ati: "Abantu nk'abo basoma ibihe vya none bakoresheje kahise. Sinibaza ko uno munsi bashobora gushika ku kintu gifadika".

Ku rundi ruhande Pierre Buyoya abona ko inzego za leta zivyifatamwo nabi mu kurwanya imigwi ihungabanya igihugu mu kurondera "kugera ingere ku yindi".

Sylvestre Ntibantunganya

Sylvestre Ntibantunganya abona ko ingorane zatanguye aho habereye abantu batemeye ivyavuye mu matora yo mu 2010, abatsinze nabo bakibaza ko bitsindiye bonyene aho gutsindira igihugu.

Ivyo arivyo vyose ngo ntamvo n'imwe ya politike yosigura ubwicanyi.

Ntibantunganya ati: "N'aho hoba hariho ingorane za politike, kandi ntizizobura zizokwamaho, inyishu si ukuja kwicana, cane cane inyuma y'ibiganiro vyabaye muri kino gihugu."

Uretse ubwicanyi bwo mu Gatumba bwabaye ubw'ikivunga, haheze igihe haja havugwa abicwa irya n'ino mu gihugu, mbere rimwe na rimwe n'inzego z'igihugu zijejwe umutekano zigatungwa urutoke.

Domitien Ndayizeye

Domitien Ndayizeye avuga ko leta itegerezwa gusigurira abanyagihugu ibiriko biraba ivyo ari vyo.

Domitien ati: "Iyo leta nayo igiye muri ivyo, ntiyerekane iti uyu ni kanaka yazize iki n'iki, inyishu itabonetse havuka iki?

Uwo muntu yapfuye afise umugore afise abana, afise umuryango, ntibazi ico yazize, apfuye ari umwe ariko inyuma yiwe hari 10 hari 20 ishavu riniga."

Abo bahoze barongoye igihugu bose bemeza ko leta ifise ubushobozi bwa politike bwo gutorera inyishu ikibazo c'umutekano.