Kayumba Nyamwasa yari agiye kwicwa ubugira gatatu

General Kayumba Nyamwasa
Image caption General Kayumba Nyamwasa

BBC yamenye ko abajejwe ubutasi muri Afrika y'epfo bapfubije ubugira gatatu igikorwa co gushaka kwica general Kayumba Nyamasa.

Imigambi ibiri yo kwica general Nyamwasa yaburijwemwo mu mwaka uheze, nyuma yaho ahungiye muri Afrika y'epfo ahunze ubutegetsi bwa prezida Paul Kagame.

Amakuru atangwa n'abegereye General Nyamwasa avuga ko umugambi uheruka wari uwo kumurasa hamwe n'umuryango wiwe wose.

U Rwanda ruhakana ruvuga ko ata ruhara na rumwe rufise muri ivyo bitero kuri Genera Nyamwasa.