Imirwano irabandanije i Sanaa muri Yemen

Imirwano i Sanaa muri Yemen
Image caption Imirwano i Sanaa muri Yemen

Imirwano ikomeye irabandanya ku murwa mukuru wa Yemen, Sanaa, hagati y'abasirikare bashigikiye Prezida Saleh n'abashaka ko avako bikurako ihagarikwa ry'imirwano ryariho.

Gushika ubu bivugwa ko abantu batandatu aribo bamaze guhasiga ubuzima.

Ababibonye bavuga ko abarasa kabuhariwe barashe abagore babiri mu kibanza kiri hagati mu muji aho abiyamiriza leta bamaze amezi bacumbitse bari mu myiyerekano.

Amakuru mashasha avuga ko abitwaje ibirwanisho bavuye mu ntara bariko baraja mu mirwano iri hagati y'abasirikare ba leta ya Yemen n'imirwi y'abasirikare bifatanije n'abarwanya leta.

Ubaye umunsi ugira gatanu haba imirwano imaze guhitana abantu mirongo icenda.