Palestine yasavye ubunyamuryango muri ONU

Mahmoud Abbas aha impapuro z'umunyamuryango Ban Ki-Moon Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Mahmoud Abbas aha impapuro z'umunyamuryango Ban Ki-Moon

Umukuru w'igihugu wa Palestine, Mahmoud Abbas, yasavye icese ubunyamuryango bwa Palestine muri ONU, ashikiriza impapuro zibisaba umunyamabanga mukuru Ban Ki-Moon.

Yabariye inama rusangi ya ONU ko abanye Palestine bashaka ko ONU igira uruhara runini mu guheraheza amatati na Israel, mu gihe ibindi biganiro vyahagarikiwe n'amakungu ataco vyigeze bishikako kubera ico yise amananiza ya Israel.

Yavuze ko kuba Israel ibandanya kwubaka mu bice yigaruriye vya Palestine i Sisjordanie, bibangamira kazoza ka leta ya Palestine.

Yavuze kandi ko abanye Palestine bazobandanya kurwanya gutwarwa ubutaka bwabo mu mutekano, ariko ngo ntibazokwigera baheba kurondera amahoro no gusaba Israel gusubira mu biganiro.

Nayo umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yabariye inama rusangi ya ONU ko Israel iramburuye ukuboko kw'amahoro ku bihugu vyose vyo mu burasirazuba bwo hagati, cane cane abanyagihugu ba Palestine, ngo bariko bararonderera hamwe na Israel amahoro aramye.