Prezida Saleh yatahutse muri Yemen

Abdullah Ali Saleh Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Abdullah Ali Saleh

Haciye umwanya mutoyi atahutse muri Yemen ata wamuziga, Prezida Ali Abdullah Saleh yasavye ko imirwano ihagarara imvururu zimaze amezi ku murwa mukuru Sanaa zikareka.

Ariko abatavuga rumwe na leta bagiriza bwana Saleh na leta yiwe ko aribo bateje akaguma, kamaze guhitana abantu bashika kw'ijana muri ino ndwi.

Abahasize agatwe benshi ni abantu batari bitwaje ibirwanisho bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza leta.

Ariko gushika ubu, bwana Saleh ntaraja ahabona.

Habaye imyiyerekano i Sanaa yagizwe n'abashigikiye bwana Saleh hamwe n'iyindi y'abamurwanya, yo kwigina canke kwiyamiriza itahuka ryiwe avuye muri Arabie Saudite aho yari yagiye kwivuza nyuma y'aho ahakiwe kwicwa.

Benshi mu muji wa Sanaa batinya yuko iri tahuka ryiwe rishobora kwunyura ibintu.