Ikibazo cy'amashanyarazi i Bujumbura

Ikibazo cy'amashanyarazi mu Burundi Uwufise ububasha kw’isanamu RIA Novosti
Image caption Ikibazo cy'amashanyarazi mu Burundi

Mu Burundi, abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura baridogera ishirahamwe ritanga amazi n’amatara Regideso, ko bamara umwanya muremure bataronse amatara, niyo abonetse agahabwa ababa mu maquartier abamwo abategetsi gusa.

Muri regideso bavuga ko umugankuba ari muke kubera igabanuka ry’urugero rw’amazi mu rugomera rwa Rwegura, ariko ko bagerageza kubasabikanya umuyagankuba muke ubonetse, kandi ko bagize urutonde ku buryo ata we barenganya.

Hari n’abakoresha umuyagankuba uvuye ku mishwrara y’izuba canke ubundi buhinga, ariko vyose bitwara amahera menshi.

Abanyagihugu rero baridoga baridogera ishirahamwe ritanga amatara n’amazi Regidiso, kubera bamara imisi myinshi bataronse amatara, hakononekara ibintu vyinshi.

Kubwa Sabiyumva Desire ashinzwe igikorwa co gutanga umuyagankuba, avuga ko abavuga ko bataronka umuyagankuba bivana n’igihe baba bipfuza kuwuronkera.

Na yo kubavuga ko hari abaronka umuyagankuba gusumba abandi, Sabiyumva Desire avuga ko hari ibibanza bimwe bimwe badashobora guca umuyagankuba.

Mu ntumbero yo kugwiza umuyagankuba, ngo reta ifise umugambi wo gukotesha amamashini yo kwongereza umuyagankuba , ikaba iri no mu gikorwa co gukatisha umwonga wa Inamunyiriri mu ntumbero yo kwongereza amazi y’urugomero rwa Rwegura.