Ubudage bwatoye gutabara akarere gakoresha ama Euro

Akarere gakoresha ama Euro kari mu bibazo Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Akarere gakoresha ama Euro kari mu bibazo

Abashingamateka b'Ubudage batoye ku bwinshi itegeko ryo gutabara ibihugu bigeramiwe vyo mu karere gakoresha ifaranga rya Euro.

Abashingamareka barenga 520 bose batoye itegeko rivyemeza, mirongo umunani na batanu gusa akaba aribo barihakanye.

Umunyamakuru wa BBC ari i Berlin yavuze ko umushikiranganji wa mbere w'Ubudage, Angela Merkel, yavyifashemwo neza cane gusumvya uko babiziga.

Ikigega c'amafaranga kigiye gushingwa, kigomba kubanza kwemezwa n'izindi nama nshingamateka z'ibihugu vy'i Buraya, kizoba kirimwo amahera menshi n'ubushobozi bw'ikirenga mu gufasha ibihugu bigeramiwe nk'Ubugiriki.