Vladmir Putin ashaka uwundi muryango wa Buraya

Umushikiranganji wa mbere w'Uburusiya, Vladmir Putin Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umushikiranganji wa mbere w'Uburusiya, Vladmir Putin

Umushikiranganji wa mbere w'Uburusiya, Vladmir Putin, yasavye ko ibihugu vyahoze mu runani rw'aba Soviet vyokwiyunga nk'umuryango wa Buraya.

Mu makuru yatanze mu kinyamakuru, haciye iminsi amenyesheje ko azokwitoreza kuba umukuru w'igihugu, bwana Putin yasavye ko hoshingwa umuryango yise Eurasia.

Yavuze ko uwo muryango woba urunani rukomeye kw'isi kandi rugahindura uko ibintu vyamye biri mu butunzi no ku butaka.

Bwana Putin yavuze ko uwo muryango umaze gutanguzwa n'Uburisiya, Belarus na Kazakhstan, bakaba bamaze kugirana amasezerano y'ubutunzi.

Yahakanye ibivugwa ko ashaka gusubira gushinga urunani rw'aba Soviet, avuga ko umuryango mushasha uzoba ushingiye ku vyiyumviro bitandukanye.