Prezida Kagame yagirizwa gushoza jenoside yo mu 1994

Prezida Paul Kagame yamye ahakana uruhara mu bwicanyi bwa Habyarimana Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Prezida Paul Kagame yamye ahakana uruhara mu bwicanyi bwa Habyarimana

Uwahoze akorana n'umukuru w'u Rwanda Paul Kagame yamwagirije kuba yaragize uruhara mw'iyicwa rya Prezida Juvenal Habyarimana, ryashoje itsembabwoko mu 1994.

Theogene Rudasingwa avuga ko yumvise bwana Kagame yigamba mu 1994 ko yategetse ko haraswa indege yari itwaye Prezida Juvenal Habyarimana.

Yabariye BBC ati: " Mu gukora icaha nk'ico, Kagame anafise uruhara mu vyaha vya jenoside".

Prezida Kagame aramaze guhakana inshuro nyishi kuba yaragize uruhara muri ico gitero.

Bwana Rudasingwa, ubu aba muri leta zunze ubumwe za Amerika, yavavanuye na bwana Kagame mu myaka mikeyi iheze akaba yarakatiwe atariho ari gupfungwa imyaka 24 yagirizwa kubangamira umutekano w'igihugu no kubiba amacakubiri.

Guhakana

Mu kiganiro Prezida Kagame yahaye BBC citwa HardTalk mu 2007, yahakanye kugira uruhara urwo arirwo rwose mu bwicanyi bwa Prezida Habyarimana.

Bwana Kagame yavuze ati: "Nta ruhara mfise mu rupfu rwa Habyarimana kandi ntaco bimbwiye, sinari njejwe umutekano wiwe kandi nawe ntiyari ajejwe umutekano wanje.

"Ntaco vyari kumubwira iyo mpfa kandi ntaco bimbwiye kuba ari we vyabayeho."

Ariko bwana Rudasingwa, yahoze ari umunyamabanga mukuru hamwe n'umu major mu gihe ca jenoside, yavuze mu rwandiko yashize ku rubugwa rwiwe rwa Facebook mu mpera z'indwi iheze ko naho Prezida Kagame yahakanye ku mugaraga ngo abifisemwo uruhara.

Yavuze ko umukuru wa FPR yari azi muri ico gihe ivyerekeye gukorora irya ndege.

BBC iracagerageze kumenya ico ubutegetsi bw'u Rwanda buvuga kuri ivyo vyagiriji.