Burma yarekuye bamwe mu mpfungwa za politike

Abapfungwa barekuwe muri Burma Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abapfungwa barekuwe muri Burma

Mu barekuwe harimwo abapatiri bo mw'idini rya Budha, umunyamakuru kumwe n'umugabo azwi cane kubera yutugenegene two gutwenza abantu Zarganar.

Abandi benshi baracari mw'ibohero.

Umwe mu bategetsi yabwiye BBC ko abagera ku 300 mu banyororo ba politike barekuwe, ariko ivyo biharuro ntibiremezwa n'uruhande rwigenga.

Aung San Suu Kyi avuga ko yanezerejwe n'iyo ngingo, nayo Ubwongereza buvuga kw'ari intambwe ya mbere mu nzira nziza.

Ariko ishirahamwe International Amnisty rivuga ko Burma yar'ikwiye kurekura abanyororo ba politique benshi niba yiyemeje amahinduka koko.