Somalia: Marie Dedieu yarapfuye

Marie Dedieu Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Marie Dedieu yari yafatiwe mw'izindga rya Manda , ahitwa Ras-Kitau

Umufransakazi Marie Dedieu yar'afise amagara make, yari yanyururijwe mu buraruko bwa Kenya n'abakekwa ko ar'abarwanyi b'abanya Somalia, bimaze kumenyekana ko yapfuye.

Abategetsi b'Ubufransa bavuga kw'amakuru y'urupfu rwiwe yamenyekanye aciye ku bo bari basanzwe bakoresha mu kugerageza kumurekuza.

Ubushikiranganji bw'imigenderanire bw' Ubufransa bumenyesha ko butazi vyinshi ku gihe yapfiriye , canke ico yazize.

Ariko ubwo bushikiranganji bukeka ko Marie Dedieu yoba yahitanywe n'uko imiti bamurungikiye , bene kumufata boba barahakanye kuyimuha.