Burundi:Icegeranyo ku bwicanyi bwahitanye 39 mu Gatumba

Burundi map
Image caption Burundi map

Itangazo ryatanzwe n'ibiro vy'umushikirizamanza mukuru wa Republika y'Uburundi, ryemeza ko umurwi wagenywe gukora itohoza ku bwicanyi bwahitanye abantu 39 watanze icegeranyo.

Umushikirizamanza mukuru yaciye ashikiriza ico cegeranyo sentare nkuru ya Bujumbura, nk 'uko bivurwa n' umuvugizi w'umushikiranganji w'ubutungane.

Elie Ntungwanayo yabwiye BBC ko abadomwa ko urutoke mur'ico cegeranyo bazomenyekana kimaze gutangura gukoreshwa, ubushikirizamanza bukitura sentare.

Ibiro bikuru vy'iperereza vyari vyamaze gutanga ikindi cegeranyo imbere y'uwo murwi wagenywe gutohozaku bwicanyi bwo mu kabare "Chez Les amis" mu Gatumba , cashikirijwe inzego z' ipererza z' ibihgu bibanyi 5 n'ayandi mashirahamwe mpuzamakungu.

Leta y' Uburundi ivuga kw' ivyakozwe n' urwego rw' ipererza biri mu kazi kabo ka minsi yose, kandi ko bitarikubuza ko itohoza rikomeza.

Ku kibazo c'uko bidashobora guhushisha inzira uwo murwi wagenywe gutohoza, leta ivuga ko buri rwego rwigenga, ariko ko urwego rw' ipererza rwabikoze mu nzira yo gutanga umuco.

Mur'ico cegeranyo c' Urwego rw' ipererza havurwamwo abantu bo mu batavuga rumwe na leta bakekwa kuba inyuma y' Ubwicanyi bwo mu gatumba, bamwe muri bo basanzwe barahunze igihugu.