Rwanda: Ingabire ariregura amacakubiri

Victoire Ingabire muri sentare Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Victoire Ingabire ari kumwe na Maitre Ian Edouard mu ntahe y' icese yo kuwa 5/092011

Ubushikirizamanza burega Victoire Ingabire kwemza ko ubutegetsi bwo mu Rwanda bwihariwe n'agatsiko k'abatutsi baturutse Uganda, ibi bukavuga ko bigaragaza amacakubiri .

Imbere y'abacamanza Madame Ingabire yemeje ko aka gatsiko kariho, mu nzego nkuru z'ubutegetsi nk'iza gisirikare, iz'ubutunzi no mu bucamanza.

Ingabire yemeje ko ubuyobozi bukuru bw'ingabo buri mu maboko y'abantubake baturutse muri Uganda, ngo ni nako bimeze mu butunzi, ubutungane, ubutegetsi bw'igihugu, ububanyi n'amahanga kumwe n'itangazamakuru.

Abajijwe niba iyi ari impamvu yotuma yemeza ko ubutegetsi budasangiwe, Ingabire yavuze ko mu bihugu bitarangwa na Demokratie nk’Urwanda uyobora izi nzego aba avuga rikijyana.

Umucamanza yamusavye gusobanura impamvu yemeza ko Abanyarwanda batibona bose mu butegetsi buriho, Ingabire avuga ko ivyo yemeza yabikuye mu cegeranyo c’ibanga Ambassade y’America mu Rwanda yarungikiye ubushikiranganji bw' imigenderanirekikaza gushyirwa ahagaragara n’urubuga rwa Wiki Leaks .

Na ho asubiza umucamanza yabazaga ubutegetsi yumva Abanyarwanda bose bokwibonamwo, Ingabire yashubije ko bwoturuka ku biganiro c’abanyagihugu bose bakagaragaza uko bifuza gutegekwa.

Ubushikirizamanza kandi bwareze Ingabire amacakubiri bushingiye ku ijambo yavuze ryo kwifuriza umwaka mwiza abayoboke biwe ku itariki ya 1/1/2008.

Aha Ingabire ngo yavuze ko ubutegetsi buriho mu Rwanda bwifuza ko buri muhutu wese yakwitwa umwicanyi. asabwe ibisobanuro vy’iyo mvugo, Ingabire yavuze ko atavuze abahutu bose ahubwo ko yavuga abahutu bari mu mvuto ico gihe kandi badafite amadosiye.

Mur'iryo jambo kandi Ingabire arerwa ko yavuze ko ubutegetsi bufiswe n'aagtsiko k'abicanyi, umucamanza yamubajije niba avuga ko abatutsi ar'abicanyi kuko yavuze ko ubutegetsi buri mu minwe y'abatutsi

Ingabire Victoire yashubije ko atagiriza abatutsi bose ubwicanyi ngo ariko mu butegetsi buri mu Rwanda hari agatsiko k’abicanyi gakingiwe ikibaba na President Kagame.

Urubanza rurakomeza kuri uyu wa kane ,Ingabire yisobanura ku macakubiri n’ingengabitekerezo ya Genocide .