Hashinzwe umurwi utavuga rumwe na Syria

Umwe mu batavuga rumwe na leta ya Syria, Bhuran Galion Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umwe mu batavuga rumwe na leta ya Syria, Bhuran Galion

Umuryango wa Buraya washimye ishingwa ry'umugwi utavuga rumwe na leta ya Syria, washinzwe ngo uhangane n'ubutegetsi bwa prezida Assad.

Umuryango wa Buraya wavuze yuko ari intambwe itewe imbere, ariko ntiwigeze wemgana uwo mugwi, nk'uko wabigize igihe hashingwa umugwi utavuga rumwe na leta ya Libya.

Syria yavuze yuko izohangana n'igihugu ico arico cose kizokwemanga uwo mugwi.

Abategura imyiyerekano muri Syria bavuga ko abasize agatwe mu myiyereka yo ku wa Mungu barenga 30.

Bavuga ko muri abo bishwe harimwo abajejwe umutekano.