Yulia Tymoshenko yakatiwe imyaka 7

Yulia Tymoshenko yakatiwe imyaka 7 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Yulia Tymoshenko yakatiwe imyaka 7

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Ukraine, Yulia Tymoshenko yakatiwe igihano cyo gufungwa imyaka 7.

Umucamanza yamuhamije icyaha cyo kurengera ububasha ahabwa akagirana amasezerano n'Uburisiya mu 2009 ajyanye na gas.

Umucamanza yavuze ko uwo mutegarugore Tymoshenko yahombeje Ukraine amadollar y'Amerika agera kuri miliyoni 200, amasaba rero kuyishyura.

Uyu mutegarugore ariko yavuze ko uru ari urubanza rwa politike.

Yahise avuga ko azajurira uru rubanza. Hafi y'urukiko hari abigaragambyaga bamushyigikiye bagera ku bihumbi, barwanye n'abapolisi.