I Tripoli hasubiye kwaduka imirwano

Imirwano yasubiriye i Tripoli Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Imirwano yasubiriye i Tripoli

Imirwano ikomeye yasubiye kwaduka ku murwa mukuru wa Libya, Tripoli, nyuma yaho ufatiwe n'abarwanya Colonel Khaddafi.

Ukurasana gukomeye kwadutse hagati y'abashigikiye umukuru yakuwe ku butegetsi, Muammar Khaddafi, n'abasirikare b'umurwi mfatakibanza uramutsa igihugu.

Inkoho ziremereye zumvikaniye muri quartier ya Abu Salim, ahaba abantu benshi bashigikiye Col Khaddafi.

Ni ubwa mbere haduka imirwano nk'iyi i Tripoli, kuva aho umugwi mfatakibanza utwara Libya, ufatiye uwo muji.