Imirwano ikomeye i Sirte muri Libya

Abarwanya Khaddafi bari mu gufata Sirte
Image caption Abarwanya Khaddafi bari mu gufata Sirte

I Sirte muri Libya hariko harabera imirwano ikomeye mu gihe abasirikare bakuye Khaddafi ku butegetsi bagihanganye n'abamushigikiye.

Naho bazungurutswe, abashigikiye Khaddafi banse gushira ibirwanisho hasi.

Umunyamakuru wa BBC ari Sirte avuga ko abarwanya Khaddafi ubu bariko barakoresha ibisasu biremereye ngo babomore amazu, imwe kuri imwe.

Uwo munyamakuru avuga ko arabiye aho yari ahagaze, umuji wa Sirte uboneka ko usigaye ari ibibomeke gusa.

Ishirahamwe ry'abivunira umwansi hamwe, OTAN, rivuga yuko indege zaryo ziriko zirazungura ikirere ca Sirte mu gihe imirwano ibandanya.