Umuryango wa Afrika uhakana ibivugwa na Al Shabaab

Abasirikare b'umuryango w'ubumwe bwa Afrika muri Somalia Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasirikare b'umuryango w'ubumwe bwa Afrika muri Somalia

Umuryango w'ubumwe bwa Afrika uhakana ibivugwa na Al Shabaab y'uko yishe abasirikare ba Amisom bahagarariye amahoro barenga mirongo indwi mu mirwano yabereye i Mogadishu muri Somalia.

Al Shabaab yeretse abanyamakuru imivyimba 76 yamabaye impuzu z'igisirikare.

Ariko umuvugizi w'umuryango w'ubumwe bwa Afrika yavuze ko ivyagizwe n'a Al Shabaab ari ukwiha agaciro.

Yavuze ko imivyimba uwo mugwi wa ki Islam werekanye ari iy'abagwanyi bawo bambitswe impuzu z'igisirikare za Amisom.

Uwo muvugizi yavuze yuko abasirikare cumi baharariye amahoro aribo baguye mu mirwano, babiri bakaba atawuzi irengero ryabo.

Abasirikare b'umuryango w'ubumwe bwa Afrika hamwe n'aba leta ya Somalia bamaze igihe begereza mu bice bisigayemwo abarwanyi i Mogadishu, Al Shabaa ikaba yaravuye muri vyinshi mu birindiro yarimwo mu kwezi kw'umunani.