FDLR yagiranye ibiganiro na leta ya Kongo

Abasirikare ba FDLR barindiriye gusubizwa mu buzima busanzwe mu 2005
Image caption Abasirikare ba FDLR barindiriye gusubizwa mu buzima busanzwe mu 2005

Umuhari FDLR urwanya leta y'u Rwanda ufise icicaro muri republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo wemeza ko wagiranye ibiganiro na leta ya Kongo bikavyara ubusa.

Mu ndwi iheze umukuru w'igihugu ca Kongo, Joseph Kabila, yabwiye abanyamakuru ko leta yiwe yabonanye na FDLR mu ntumbero yo kuyisaba gushira ibirwanisho hasi.

Prezida Kabila yavuze ko ico basaba FDLR kwari guhitamwo gutaha mu Rwanda, canke gushirwa ahandi hantu hategereye urubibe rw'u Rwanda.

Umuvugizi wa FDLR, Laforege Fils Bazeye, yabariye BBC ko ivyo biganiro vyabaye mu kwezi kwa kabiri n'ukwa gatatu muri uno mwaka, mu karere ka Walikale.

Ibiganiro bivyara ubusa

Bwana Bazeye yavuze ko ivyo biganiro vyarangiye atakivuyemwo, ngo kuko icatumye FDLR ifata ibirwanisho kitaratorerwa umuti.

Ngo ntibashobora gutaha mu Rwanda babeho batagira ijambo kandi ari mu gihugu cabo.

Umuvugizi wa FDLR yongeyeko yuko umuti w'ikibazo cabo utari muri Kongo gusa, ngo uri no mu Rwanda.

Prezida Joseph Kabila yasozereye avuga ko mu gihe ivyo biganiro vyabaye impfagusa, igisigaye ari kurwanya FDLR hakoreshejwe inguvu z'igisirikare.