ONU isaba itohoza ku rupfu rwa Khaddafi

Col Khaddafi yagandaguwe ejo kuwa Kane
Image caption Col Khaddafi yagandaguwe ejo kuwa Kane

Uwujejwe ivy'agateka ka zina muntu mu muryango mpuzamakungu ONU yasavye ko haba itohoza ku kuntu Col Khaddafi yishwe.

Umuvugizi wa Navi Pillay yavuze ko amasanamu yafashwe na telefone ngendanwa yerekana uwahoze atwara Libya ari muzima agifatwa, ngo ateye akantu.

Leta mfatakibanza ya Libya yahakanye ivuga ko itigeze igandagura Khaddafi.

Ivuga ko yarashwe mu mutwe igihe haba ukurasana hagati y'abamushigikiye n'abasirikare ba leta mu muji wa Sirte.

Abajejwe intwaro bavuga ko Col Khaddafi ashobora gupfubwa mu kibanza kinyegejwe.

Bamwe bavuga ko bishobora kuba vuga, bagakurikiza imigenzo ya ki Islam.