Amerika yahamagaje uwuyiserukiye muri Syria

Ambassadeur Robert Ford Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ambassadeur Robert Ford

Igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika cahamagaje uwugiserukiye muri Syria kuko gitewe impungenge n'umutekano wiwe.

Ubushikiranganji bujejwe ubutegetsi bw'igihugu bwavuze ko Robert Ford ariko aragambanirwa n'ubutege bwa Syria.

Mu kwezi guheze abantu bashigiye leta ya Syria bamuteye amatomati hamwe n'amagi igihe yagendera abari mu myiyerekano abasaba ko Prezida Bashar Al-Assad ava ku butegetsi.

Bwana Ford yagizwe amassadeur wa Amerika muri Syria mu kwezi kwa mbere muri uno mwaka, akaba ari we wa mbere mu myaka itanu.