Ivyavuye mu matora muri Tunisia biri hafi kumenyekana

Amatora muri Tunisia Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption amatora muri Tunisia

Abanya Tunisia batoye inama nshingamateka izoshiraho ibwirizwa nshingiro rishasha, na leta nshasha izoshira ibintu mu buryo.

Ennahda, umugambwe ushira imbere intwaro y'imigambwe myinshi, ntiwiteze gutsinda amatira ya mbere.

Umunyamakuru wa BBC ari muri Tunisia avuga k'uwo mugambwe ushobora kuganira n' umugambwe umwe canke myinshi, yo ku ruhande rwegamiye ubutegetsi yaronsde amajwi menshi, bakumvikana.

Na cane cane avuga umugambwe Congerss for the Republic wa Moncef Marzouki, na Ettakatol uyoborwa na Mustapha Ben Jaafar.