Turkey: uruhinja rwarokotse nyamugigima

Akana karokotse nyamugigima Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Akana karokotse nyamugigima muri Turkiya

Ako kana kari kamaze indwi zibiri gusa kavutse, bagakweze munsi y'ibihomoka kagihumeka.

Abajejwe gutabara bariko bagerageza kandi kurokora nyina w'uwo mwana, kimwe na yinakuru bavuga kw'akiri munsi y'ibihomoka.

Abantu hafi 370 nibo bmaze kumenykana ko bahitanywe na nyamugigima yo ku musi w'Imana, abandi benshi ntibaramenyekana irengero ryabo.

Amazu aharurwa mu 2000 nayo yarabomotse.

Leta ya TUrkiya airiko igerageza gushikana infashanyo ku banyagihugu bataye izabo , abenshi muri bo bakaba bamaze kabiri barara mu gahingamu mbeho n'igikonyozi.

Amashirahamwe yo gutabara yasshinze amahema mu gahinga, aho bashize ibitaro n' ibikoni vyo gukinjika, batanze kandi amahema n' uburenti ku banyagihgu bataye izabo