Abajewe umutekano muri Libya bagirijwe guhohotera abantu

Abarwanyi b'umugwi mfatakibanza utwara Libya Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abarwanyi b'umugwi mfatakibanza utwara Libya

Ishirahamwe ry'agateka ka zina muntu ryagirije imigwi ishigikiye ubutegetsi bwa Libya guhohotera abantu mu muji umwe, babonwa nk'abashigikiye Khaddafi.

Human Rights Watch ivuga ko yahawe amakuru y'uko hari abantu bitwaje inkoho b'i Misrata bariko bararasa abantu badafise inkoho bo mu muji wa Tawargha.

Ngo kandi baza barabafata ataco babagirije, bakabakubita bamwe binabaviramwo gupfa.

Iryo shirahamwe rivuga yuko uwo muji wabangamiwe n'ivyo bikorwa.

Umugwi mfatakibanza utwara Libya uvuga ko wategetse abasirikare bawo kutiba, kandi ngo uzotohoza amakuru yose yerekeye ubugizi bwa nabi.