UNESCO yemeye Palestine nk'umunyamuryango

Umushikiranganji wa Palestine ajejwe imigenderanire, Riyad al-Malik i(iburyo) ariko araganira mu nama ya UNESCO Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umushikiranganji wa Palestine ajejwe imigenderanire, Riyad al-Malik i(iburyo) ariko araganira mu nama ya UNESCO

Umugwi wa ONU ujejwe umuco n'ubumenyi, UNESCO, wemereye Palestine kwinjira muri uwo mugwi bikayongerereza amahirwe yo kuba igihugu.

Abanye Palestine baronse bibiri vya gatatu vy'amajwi y'abatoye, ariko leta zunze ubumwe za Amerika na Israel bari bavyiyamirije bivuye inyuma.

Ibi biri mu mugambi wa Palestine wo kugerageza kuronka izina nk'ikigihugu bwite.

Bibaye nyuma y'ukwezi kumwe Palestine isavye kuba umunyamuryango akwiye w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Ivyo ariko Amerika yavuze ko izobibuza nivyashika mu mugwi w'umutekano wa ONU ngo vyemezwe.

Hagati aho Israel yavuze ko kwinjizwa kwa Palestine muri UNESCO bizobangamira ibiganiro vy'amahoro yo mu burasirazuba bwo hagati, vyari vyitezwe gusubira gutangura.

Umushikiranganji wa Israel ajejwe imigenderanire yavuze ko ivyavuye mu matora y'uno munsi bisa nko kwiyamiriza utwigoro tw'amakungu mu kugerageza gushika ku mahoro.