Inama ya G20 yabera i Cannes yasozerewe

Abakuru b'ibihugu Nicolas Sarkozy na Barack Obama Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abakuru b'ibihugu Nicolas Sarkozy na Barack Obama

Umukuru w'Ubufaransa Nicholas Sarkozy yasozereye inama y'ibihugu 20 bitunze kurusha ibindi biri mu murwi G20 mu kwemanga ko azorwanira Uburaya na Euro.

Prezida Obama yavuze ko leta zunze ubumwe za Amerika zafashe ingingo ruhasha zo gukemura ikibazo c'ubutunzi mu myaka ibiri iheze, asaba Uburaya nabwo kugira uko nyene.

Abakuru b'ibihugu vyo mu mugwi G20 bemeranije kwongereza ubushobozi bw'ikigega mpuzamakungu, FMI.

Muri iyo nama yabera i Cannes mu Bufaransa, bemeranije yuko umugambi utomoye uzoja ahabona mu kwezi kwa Kabiri.

Umwanya munini w'iyo nama wihariye ibibazo vy'ubutunzi na politike biri mu Butaliyano hamwe n'Ubugiriki.