Ubugiriki bwahevye kamarampaka

George Papandreou Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption George Papandreou

Ubushikiranganji bw'Ubugiriki bujejwe ubutunzi bwavuze ko umugambi wa kamarampaka ku ngingo yo kuronswa amahera yo kwikura mu ngorane wahebwe.

Ayo makuru amaze kumenyekana, amasoko y'imitahe i Buraya no muri Aziya yaciye yiyongera agaciro.

Iyo ngingo ya kamarampaka yari yashikirijwe n'umushikiranganji wa mbere, George Papandreou ku munsi wa Mbere, yateje uruhagarara ku masoko y'imitahe.

Yanateje ishavu rinini mu bakuru b'ibihugu vya Buraya, batinya ko vyari gutuma ikibazo c'amadeni kiri mu mugabane wose wa Buraya gica kinanirana.

Hagati aho bwana Papandreou abandanije gusabwa gutanga imihoho.

Arindiriye amatora ryo kumukurako canke kumugumizako icizere riza kuba mu mwanya uri imbere.

Umunyamakuru wa BBC ari mu Bugiriki akavuga ko naho ayo matora yomusiga ku butegetsi ngo ashobora gukinjura vuga kugira hashingwe leta y'ubumwe.